Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu Iparadizo yatakaye

Ukuntu Iparadizo yatakaye

Ku bw’urwaruka rwacu

Ukuntu Iparadizo yatakaye

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone ko ufise uruhara mu biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 3:1-24.

Wibaza ko Eva yabanje kuvyifatamwo gute igihe iyo nzoka yatangura kuvugana na we?

_______

Ufise mu muzirikanyi ko Adamu na Eva bacumuye n’ibigirankana, wibaza ko bumvise bamerewe gute, nk’uko bivugwa mu murongo wa 7-10?

_______

Wibaza ko ukwirukanwa kwa Adamu na Eva bakava mw’itongo ry’i Edeni kwagenze gute, nk’uko bivugwa mu murongo wa 22-24?

_______

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Amaso ya Eva yaranguye uruhara uruhe mu guhendwa kwiwe? (Subira usome umurongo wa 6.)

_______

Ni kubera iki Eva yahavuye abona ko ca camwa “gihimbaye”? (Subira usome umurongo wa 4 n’uwa 5.)

_______

Ni igiki coshobora kuba caratumye Adamu yifatanya na Eva mu caha yakoze? (Subira usome umurongo wa 6.)

_______

Igicumuro cogize gute ingaruka mbi ku bucuti bwobaye hagati y’abagabo n’abagore babo mu mayaruka yokurikiye? (Subira usome umurongo wa 16.)

_______

Vyagaragaye gute ko ubucuti bwari hagati ya Adamu na Eva butari bukimeze neza bivuye ku gicumuro? (Subira usome umurongo wa 12.)

_______

Yehova yaciye atunganya gute ivy’iyo ngorane adatebaganye kugira ngo umugambi wiwe uzoshobore kuranguka? (Subira usome umurongo wa 15.)

_______

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Akaga kari mu kugira agatima k’ubwigenge.

_______

Ukuntu amaso ashobora gutuma umuntu agira ivyipfuzo bibi.

_______

Igituma ari ubupfu guta amakosa yacu ku bandi.

_______

KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______