Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki Bibiliya ivuga ko ugusenga imana y’ikinyoma Bayali kwajana n’imisi mikuru yaba irimwo ivy’ubusambanyi?

Ikimana Bayali c’Abanyakanani ahanini cari ikimana c’ivy’irondoka. Abasenga Bayali bemera yuko ari yo yatuma imirima yabo yimbuka n’amasho yabo agwira. Ku bw’ivyo, nk’uko igitabu kimwe (Manners and Customs in the Bible) kibivuga, “ubusambanyi bwagirirwa mu tunyabugoro twaba turi mu karere kanaka bwari bufise intumbero yo gutuma isi irushiriza kwimbuka mu kuremesha Bayali imana y’igihuhusi ngo ihuze ibitsina n’ingore yayo Ashera, maze bitume umwimbu n’amasho bigwira.”

Abanyakanani bemera yuko ikimana Bayali caca kinyika kikaja mu kuzimu mu ci igihe caba casumbijwe ububasha n’ikimana citwa Mot c’uruzuba n’urupfu. Ariko rero, bemera ko igihe imvura yaba itasuye caba ari ikimenyetso c’uko Bayali isubiye kugira ububasha be n’uko vyaca bituma ibimera bisubira gutotahara n’ubuzima bugasubira kumera neza. Abanyakanani bahimbaza ico kiringo mu kugira imisi mikuru irimwo ubusambanyi bw’agahomerabunwa. Ivyo bica bisigura igituma igihe Abisirayeli bifatanya na Bayali y’i Peyori vyatumye baca baja mu vyo “gusambana n’Abanyamowabukazi.”​—Guharūra 25:1-3.

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga yuko abanditsi n’Abafarizayo basa n’“imva zisizwe ishwagara”?

Yezu yarabwiye abanditsi n’Abafarizayo ku mugaragaro yuko bari abiyorobetsi maze aca ababwira ati: “Musa n’imva zisizwe ishwagara ziboneka koko inyuma yuko ari nziza, mugabo imbere zuzuye amagufa y’abapfuye be n’ubuhumane bw’ubwoko bwose.” (Matayo 23:27) Abayuda bari bafise umugenzo wo gutuma imva ziba izibonekeza mu kuzisiga ishwagara igihe ikiringo c’imvura nyinshi caba kirangiye, ku musi ugira 15 w’ukwezi kwa Adari, hasigaye ukwezi ngo Pasika ishike. Nkako, babigize mu gihe c’imvura, yari guca ihanagura ako kabara kera.

Twisunze igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Jewish Encyclopedia), ukwo gusiga imva babigira kugira ngo “abantu benshi baba baje gushengerera, bano bakaba baca mu mabarabara ku musi mukuru wa Pasika,” babarinde guhumana. Itegeko riri mu Guharūra 19:16 ryavuga yuko umuntu wese akoze ku muvyimba, kw’igufa ry’umuntu canke ku mva, yomaze imisi indwi ahumanye. Ikintu cose gihumanya catuma Abisirayeli batagira uruhara mu bikorwa bijanye n’ugusenga gutyoroye, babirenzeko bakicwa. (Abalewi 15:31) Yezu yavuze ico kigereranyo hasigaye imisi mikeyi gusa ngo Pasika ishike; gutyo, ugusiga imva ishwagara kwagirwa buri mwaka kukaba kwari kukiri mu mizirikanyi y’abariko baramwumviriza. Yezu yashaka kuvuga yuko abanyamadini bamurwanya bari indyadya be n’uko kwifatanya na bo vyatuma umuntu ahumana mu vy’impwemu.

[Ifoto ku rup. 15]

Igisate c’ibuye kiriko ishusho y’ikimana c’imituragaro Bayali, co mu kinjana ca 14/13 B.G.C.

[Abo dukesha ifoto]

Musée du Louvre, Paris