Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuntu burahambaye mu nyonga z’Imana

Ubuntu burahambaye mu nyonga z’Imana

UMUSORE umwe wo mu Buyapani yarakozwe ku mutima n’ukuntu umutama umwe yimereye neza yamugaragariza ubuntu. Uwo mutama yari umumisiyonari, akaba yari amaze imyaka myinshi adashika muri ico gihugu co muri Aziya, kandi ntiyari bwamenye neza ikiyapani. Ariko ico nticabuza ko buri ndwi yama agendera uwo musore kugira ngo bayage ku vyerekeye Bibiliya. Uwo musore, kubera yari ashashaye kumenya vyinshi, yaramubaza ibibazo bitari bike na we akavyishura amwenyura kandi abigiranye ukwihangana n’ubuntu.

Uwo musore ntazopfa yibagiye ubuntu uwo mutama w’umumisiyonari yamugaragariza. Nya musore yiyumviriye ati: ‘Nimba Bibiliya ituma umuntu agaragaza ubuntu n’urukundo ukuraho, uko biri kwose nanje ndakwiye kuyiga.’ Ivyo vyatumye aronka inguvu yari akeneye kugira ngo yige ibintu ata ho vyari bihuriye n’ivyo yari asanzwe amenyereye. Ni vyo, akenshi kugaragariza ubuntu abandi birabakora ku mutima rwose gusumba amajambo.

Ni kamere nk’iy’Imana

Biroroshe ko umuntu agaragariza ubuntu uwo yiyumvamwo. Ariko ico womenya coco ni uko ubuntu ari kamere ahanini iva ku Mana. Yezu yavuze yuko Se wiwe wo mw’ijuru atagirira ubuntu gusa abamukunda, mugabo kandi ko abugirira “intashima.” Yezu yahimirije abayoboke biwe kwigana Imana muri uwo muce, ati: “[Mube] abatagira akanenge, nk’uko So wo mw’ijuru atagira akanenge.”​—Luka 6:35; Matayo 5:48; Kuvayo 34:6.

Kubera ko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, barashoboye kugaragaza ubuntu nka yo. (Itanguriro 1:27) Ni vyo, turashobora kwigana Imana mu kugaragariza ubuntu abandi uretse gusa abo dusanzwe twiyumvamwo. Bibiliya yerekana ko ubuntu ari umuce w’icamwa gihimbaye c’impwemu nyeranda y’Imana, ni ukuvuga inguvu zikora zayo. (Abagalatiya 5:22) Ku bw’ivyo rero, kumenya vyinshi ku vyerekeye Umuremyi Imana no kurushiriza kumwiyegereza, biratuma umuntu ashobora kugira ubuntu kandi akabutsimbataza.

Kubera ko ubuntu atari gusa ikintu umuntu avukana, mugabo bukaba kandi ari ikintu Imana iha agaciro cane, birumvikana rero kubona itubwira iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu.” (Abanyefeso 4:32) Bibiliya itwibutsa kandi iti: “Ntimwibagire ubwakiranyi,” buno bukaba busobanura kugaragariza ubuntu kavantara.​—Abaheburayo 13:2.

Ubwo muri iyi si aho usanga abantu benshi batagaragaza ubuntu kandi ari intashima, vyoba bishoboka ko tugaragariza ubuntu abandi, mbere na ba kavantara? Ni igiki none codufasha kubigira? Mbega hoho, kubera iki dukwiye kwitaho kugaragaza ubuntu?

Imana ibona ko buhambaye

Birashimishije kubona intumwa Paulo, inyuma y’aho avugiye ivyerekeye kugaragariza ubuntu ba kavantara, yabandanije ati: “Bwatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi.” Mbega wari kwumva umerewe gute iyo uhabwa ako karyo ko guha indaro abamarayika? Ariko Paulo amaze kuvuga ivyo guha indaro abamarayika, yabandanije avuga ko ababakiriye babikoze “batabizi,” ni ukuvuga ko batazi ko bakiriye abamarayika. Mu yandi majambo, yashaka kuvuga ko mu gihe twoba dufise akamenyero ko kugaragariza abandi ubuntu, ushizemwo ba kavantara canke abantu tutazi vy’ukuri, vyoshobora gutuma tuhungukira mu buryo tutari twiteze.

Bibiliya nyinshi zifise ivyanditswe vy’inyongera ku mubari canke mu nkingi zirerekana ko ayo majambo ya Paulo afitaniye isano n’inkuru zerekeye Aburahamu na Loti dusanga mw’​Itanguriro ikigabane ca 18 n’ica 19. Izo nkuru zompi ziravuga ivyerekeye abamarayika baje kwa Aburahamu na Loti ari ba kavantara, bakaba bari babazaniye ubutumwa buhambaye. Ku bijanye na Aburahamu, ubwo butumwa bwari bwerekeye umuhango w’Imana worangutse w’uko Aburahamu yovyaye umuhungu; ku bijanye na Loti na ho, ubwo butumwa bwari bwerekeye ukurokorwa isangangurwa ryari ryimirije ry’igisagara ca Sodomu n’ica Gomora.​—Itanguriro 18:1-10; 19:1-3, 15-17.

Usomye ivyo vyanditswe bihejeje kuvugwa, urabona yuko Aburahamu na Loti bompi bagaragarije ubuntu ingenzi batari bazi. Ego ni ko, mu bihe vya Bibiliya kugaragariza ubwakiranyi ingenzi, baba abagenzi, incuti canke kavantara, vyari mu migenzo yabo kandi ryari n’ibanga. Nkako, Itegeko rya Musa ryasaba Abisirayeli kutirengagiza ivyo abatari Abisirayeli baba muri ico gihugu bari bakeneye. (Gusubira mu vyagezwe 10:17-19) Naho ari ukwo, biragaragara yuko Aburahamu na Loti bakoze ibirengeye ivyahavuye bisabwa n’itegeko. Baragize akigoro kadasanzwe baragaragariza ubuntu ba kavantara, kandi ivyo vyatumye bahezagirwa.

Ivyo bintu Aburahamu yakoze biranga ubuntu ntivyatumye ahezagirwa wenyene mu kuronka umwana, ariko kandi na twebwe turavyungukirako. Uti mu buryo ki? Aburahamu n’umuhungu wiwe Izahaki baragize uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Bahavuye baba abantu nyamukuru mu rukurikirane rw’imiryango yakomotsemwo Mesiya, ari we Yezu. Kandi kuba bagumye ari abizigirwa vyagereranije ukuntu Imana yotumye bishoboka ko abantu barokoka, biciye ku rukundo rwayo n’ubuntu bwayo ata wari abukwiriye.​—Itanguriro 22:1-18; Matayo 1:1, 2; Yohani 3:16.

Izo nkuru zirerekana mu buryo butomoye ivyo Imana yiteze kuri abo bose bipfuza gushimwa na yo, zikerekana n’ukuntu iha agaciro kamere y’ubuntu. Kugaragaza ubuntu si ikintu umuntu yohitamwo kugira canke kutagira, ahubwo ni ikintu Imana ibona ko gihambaye.

Kugaragaza ubuntu bituma turushiriza kumenya Imana

Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe abantu benshi bobaye ari “intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo.” (2 Timoteyo 3:1-3) Nta gukeka ko ku musi ku musi wama wahuye n’abantu nk’abo. Ariko rero, ico si co cotuma ureka kugaragariza abandi ubuntu. Abakirisu bibutswa bati: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose.”​—Abaroma 12:17.

Turashobora kugira akigoro tukagaragariza abandi ubuntu tubikuye ku mutima. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese akundana . . . aramenya Imana,” kandi bumwe mu buryo twerekana urukundo ni mu kugaragariza abandi ubuntu. (1 Yohani 4:7; 1 Abakorinto 13:4) Ni vyo, igihe tugaragarije ubuntu bagenzi bacu, turarushiriza kumenya Imana, kandi tukarushiriza guhimbarwa. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abanyabuntu, kuko bazogirirwa ubuntu. Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.”​—Matayo 5:7, 8, Young’s Literal Translation.

Rimbura akarorero k’uwitwa Aki, uno akaba ari umunarugo wo mu Buyapani afise abana babiri. Igihe nyina wiwe yapfa giturumbika, yaragize intuntu ikomeye. Vyarashika akumva amerewe nabi ku buryo aja kubonana n’umuganga. Mu nyuma, hari umuryango wimukiye hafi yiwe. Abagize uwo muryango bari baherutse kubura serugo bivuye kw’isanganya, inarugo akaba yari asigaye yirerana abana batanu batobato. Aki yarumviye impuhwe uwo muryango maze aragira akigoro aracudika n’abawugize. Yaritaye ku rutare arafasha uwo muryango, mu kuwuronsa imfungurwa, impuzu umuryango wiwe utari ugikeneye, n’ibindi n’ibindi. Ivyo vyatumye Aki asubirana mu mutima. Yariboneye ukuntu aya majambo Bibiliya ivuga ari ay’ukuri, ayagira ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Vy’ukuri, kugaragariza abandi ubuntu ni ikintu ciza cane woshobora gukora igihe wumva wacitse intege.

‘Kugurana Yehova’

Kugaragariza abandi ubuntu ni nko ‘kugurana Yehova’

Kugaragariza abandi ubuntu ntivyama bisaba uburyo bwinshi. Eka kandi ntibiva ku buhanga umuntu afise canke mbere ku nkomezi ziwe. Kumwenyurira abandi, kubabwira akajambo gahumuriza, kugira ico ubafashije, kubaha ingabirano ntoya yerekana ko wabiyumviriye, canke kubareka bakaja imbere yawe igihe mutonze umurongo vyoshobora kubakora ku mutima. Igihe utazi neza ikintu kibereye wovuga canke wokora igihe ibintu vyifashe ukunaka, nuvuge canke ukore ikintu kiranga ubuntu. Wa musore twavuga mu ntango z’iki kiganiro, yarakozwe rwose ku mutima n’ukuntu wa mutama w’umumisiyonari yamugaragariza ubuntu, kuruta uko yakorwa ku mutima n’amajambo yamubwira. Ntibitangaje rero kubona kimwe mu vyo Imana isaba abayisenga ari uko “[bo]kunda ubuntu.”​—Mika 6:8.

“Ijambo rimwe rivuganywe ubuntu rituma umuntu amara amezi atatu y’urushana asusurutse.” Nk’uko uwo mwibutsa wo mu gihugu kimwe co muri Aziya uvyerekana neza, gukorera umuntu akantu gatoyi karanga ubuntu birashobora kuvamwo ivyiza vyinshi. Iyo umuntu abikoze bivuye ku mutima, na canecane abitumwe n’urukundo akunda Imana, birashobora gutuma nyene kubikora na nyene kubikorerwa bompi bamererwa neza ku mutima. Naho wogaragariza abandi ubuntu mugabo ntibabishime, ntibisobanura ko uba wataye umwanya. Kugaragaza ubuntu biri n’agaciro mu nyonga z’Imana. Bibiliya iradukura amazinda yuko iyo umuntu agaragarije abandi ubuntu aba vy’ukuri “aguranye Yehova.” (Imigani 19:17) Ubona gute urondeye uturyo two kugaragariza abandi ubuntu?

Igihe utazi neza ico wovuga canke wokora, nuvuge canke ukore ikintu kiranga ubuntu