Musa yaricisha bugufi
UKWICISHA BUGUFI NI IKI?
Ukwicisha bugufi ni ukutagira ubwibone canke ubwishime. Umuntu yicisha bugufi ntabona abandi ko bari hasi yiwe. Vyongeye, umuntu wese yicisha bugufi aremera ko adatunganye kandi akifata ruto, ni ukuvuga akemera ko hari ivyo adashoboye.
MUSA YEREKANYE GUTE UKWICISHA BUGUFI?
Kugira ubukuru ntivyatumye Musa agira ubwibone. Akenshi, iyo umuntu ahawe ubukuru kanaka, ntateba kugaragaza ko yicisha bugufi canke ko afise ubwibone. Umwanditsi umwe wo mu kinjana ca 19 yitwa Robert G. Ingersoll, abivuga muri aya majambo agira ati: “Nimba wipfuza kumenya ico umuntu ari koko, uze umuhe ubukuru.” Mu bijanye n’ivyo, Musa yaradusigiye akarorero kadasanzwe k’ukwicisha bugufi. Uti gute?
Musa yarahawe ubukuru buhambaye, kuko Yehova yamushinze ibanga ryo kuyobora Isirayeli. Ariko rero ubwo bubasha Musa yahawe ntibwatumye aca agira ubwibone. Nk’akarorero, rimbura ingene yatunganije ikibazo kigoye cerekeye ugutorana abigiranye ukwifata ruto. (Guharūra 27:1-11) Ico kibazo cari gikomeye cane, kubera ko ukuntu cari gutorerwa umuti ari vyo n’abandi bo mu mayaruka yokurikiye bogiye barisunga.
None Musa yari kubigenza gute? Yoba yari kwiyumvira ko ashoboye gutorera umuti ico kibazo kubera ko yari indongozi ya Isirayeli? Yoba yari kwisunga ubuhanga yari asanzwe afise, utuntu n’utundi yari azi, canke ibintu bitari bike yari azi ku kuntu Yehova abona ibintu?
Umuntu w’ubwibone, kumbure yari kubigenza ukwo nyene. Musa wewe si ko yabigenjeje. Iyo nkuru yo muri Bibiliya itubwira iti: “Musa ashikiriza [ico] kibazo cabo imbere ya Yehova.” (Guharūra 27:5) Iyumvire ico kintu nawe! Naho Musa yari amaze imyaka nka 40 ayobora ihanga rya Isirayeli, ntiyizigiye ubwenge bwiwe ahubwo yizigiye Yehova. Ico kintu cabaye kirerekana neza ko Musa yicisha bugufi.
Musa ntiyigungirako ubukuru. Yaranezerewe igihe Yehova yemerera abandi Bisirayeli kuba abahanuzi. (Guharūra 11:24-29) Igihe sebukwe yamugira inama yuko yohitamwo abomufasha igikorwa yari ajejwe, Musa yaricishije bugufi arashira mu ngiro iyo nama. (Kuvayo 18:13-24) Vyongeye, amaja mu mpera z’ubuzima bwiwe, naho yari agifise inguvu, yarasavye Yehova ngo agene uwomusubiriye. Igihe Yehova yatora Yosuwa, Musa yarashigikiye uwo musore n’umutima wiwe wose, arasaba n’abantu gukurikiza ubuyobozi bwa Yosuwa igihe yobaye ariko abajana muri ca Gihugu c’isezerano. (Guharūra 27:15-18; Gusubira mu vyagezwe 31:3-6; 34:7) Mu vy’ukuri, Musa yabona ko ari agateka kuyobora Abisirayeli mu bijanye no gusenga. Ariko rero, ubukuru yari afise ntiyabushira imbere y’ineza y’abandi.
NI IBIKI TUMWIGIRAKO?
Ntitwipfuza yuko ubukuru, ububasha canke ubuhanga twoba dufise vyotuma tugira ubwibone. Dukwiye kwama twibuka yuko ukwicisha bugufi guhambaye kuruta ubuhanga bwacu nimba twipfuza ko Yehova adukoresha. (1 Samweli 15:17) Igihe twicisha bugufi vy’ukuri, turihatira gushira mu ngiro impanuro iranga ubukerebutsi Bibiliya itanga igira iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.”—Imigani 3:5, 6.
Akarorero ka Musa karatwigisha kandi ko ikibanza canke ubukuru dufise atari vyo dukwiye guha agaciro cane.
None kwigana akarorero ka Musa ko kwicisha bugufi, hari ico vyotwungura? Cane nyene! Iyo dutsimbataje ukwicisha bugufi nyakuri, biratuma abadukikuje babaho borohewe, bagaca badukunda. N’igihambaye kuruta, biratuma Yehova Imana adukunda, na we ubwiwe akaba asanzwe agaragaza iyo kamere nziza cane. (Zaburi 18:35) Bibiliya ivuga iti: “Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.” (1 Petero 5:5) Wumva iyo atari imvo yumvikana ikwiye gutuma twigana ukwicisha bugufi kwa Musa?