Moses—A Man of Love
URUKUNDO NI IKI?
Urukundo ni ukwiyumvamwo abandi bimwe bigera kure. Umuntu afise urukundo arerekana mu vyo avuga no mu vyo akora ingene yiyumva ku bijanye n’abo afitiye igishika, naho kubigenza gutyo vyomusaba kugira ivyo ahevye.
MUSA YEREKANYE GUTE URUKUNDO??
Musa yarerekanye ko akunda Imana. Uti gute? Niwibuke amajambo avugwa muri 1 Yohani 5:3 agira ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.” Musa yabayeho yubahiriza amabwirizwa y’Imana. Igikorwa cose Imana yamusaba gukora, caba ari igikorwa kigoye nko kuja kurenguka imbere ya wa munyabubasha Farawo canke igikorwa gisa n’icoroshe nko kuramvurira inkoni yiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura, Musa yaragamburuka. Itegeko ryose yahabwa, ryaba iryoroshe canke irigoye, yararikurikiza. Yaca “akora kuno nyene.”—Kuvayo 40:16.
Musa yaragaragariza urukundo Abisirayeli bagenziwe. Kubera ko bemera ko Yehova ari we yakoresha Musa kugira ngo ayobore abasavyi biwe, baratura Musa ingorane zabo. Bibiliya ivuga iti: “Abantu baguma bahagarara imbere ya Musa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.” (Kuvayo 18:13-16) Iyumvire ukuntu Musa abwirizwa kuba yararuha kubera ko yamara umusi wose ariko arumviriza ibibazo Abisirayeli bamutura! Naho vyari ukwo, Musa yarahimbarwa no gufasha abo bantu yikundira.
Uretse ko Musa yabumviriza, yaranabasengera. Mbere yarasengera n’ababa bamugiriye nabi! Nk’akarorero, igihe mushikiwe Miriyamu yamwidogera, Yehova yaciye ateza imibembe uwo mugore. Aho kuryoherwa n’ico gihano, Musa yaciye atakambira Imana amusabira ati: “Ewe Mana, ndakwinginze! Mukize, ndakwinginze!” (Guharūra 12:13) Hari ikindi none cari gutuma Musa atura iryo sengesho rizira ubwikunzi atari urukundo?
NI IBIKI TUMWIGIRAKO??
Turashobora kwigana Musa mu kwiga gukunda Imana bimwe bigera kure. Urwo rukundo rutuma tugamburuka amabwirizwa yayo “bivuye ku mutima.” (Abaroma 6:17) Iyo tugamburukiye Yehova bivuye ku mutima, turanezereza umutima wiwe. (Imigani 27:11) Vyongeye, biratugirira akamaro. Nakare, iyo dukoreye Imana tubitumwe n’urukundo nyakuri, ntidukora gusa ibintu bigororotse, ariko kandi turahimbarwa no kubikora!—Zaburi 100:2.
Turashobora kandi kwigana Musa mu kwiga gukunda abandi ku buryo twemera kugira ivyo duhevye. Igihe abagenzi canke abo mu miryango yacu baje kudutura ingorane, urukundo ruratuma (1) tubumviriza bivuye ku mutima, (2) tukabagirira ikibabarwe, ni ukuvuga tugasangira na bo umubabaro, kandi (3) tukabereka yuko tubababaye.
Nk’uko Musa yabigira, turashobora gusengera abo dukunda. Igihe badutura ingorane zabo, rimwe na rimwe twoshobora kubona ko ata co twobafasha. Vyoshika mbere tukavugana umubabaro duti: “Ni ukuri nta kindi nogufasha atari ukugusengera.” Ariko rero, urama wibuka ibi: “Igisabisho c’umuntu w’intungane . . . kirashobora vyinshi.” (Yakobo 5:16, Ubwuzure Bushasha) Amasengesho dutura yoshobora koko gutuma Yehova akorera uwo muntu ikintu atomukoreye. Wumva none hari ikindi twokorera abo dukunda coza kiruta ukubasengera? *
Ubona hatariho ibintu vyinshi dushobora kwigira kuri Musa? Naho yari umuntu asanzwe, yaradusigiye akarorero kadasanzwe mu bijanye n’ukwizera, ukwicisha bugufi n’urukundo. Nitwarushiriza kumwigana, si twe twenyene tuzorushiriza kuhungukira, n’abandi bazohungukira.—Abaroma 15:4.
^ ing. 8 Kugira ngo Imana yumve amasengesho yacu, dutegerezwa kwihata bivuye ku mutima tugashitsa ivyo idusaba. Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.