NIWIGISHE ABANA BAWE
Imana irashobora kubabara—Twoyinezereza gute?
Woba umaze kubabara cane gushika aho urira?— * Twese bishobora kuba bimaze kudushikira. Ariko rero, rimwe na rimwe woshobora kubabara, mugabo atari ku mubiri. Vyoshobora gushika umuntu akatubeshera. Ivyo birababaza, si ko none?— Imana na yo nyene irashobora kubabara igihe hagize uwuyibeshera. Reka tuyage ivyerekeye ico kintu maze turabe ingene twonezereza Imana aho kuyibabaza.
Bibiliya ivuga yuko hari abantu ‘bababaje’ Imana kandi bavuga ko bayikunda. Emwe, ‘baratuntuje’ Imana! Mu vy’ukuri nta muntu ashobora kubabaza Yehova Imana ku mubiri kubera ko ari Mushoboravyose. Reka rero turabe igituma Yehova ababara igihe tudakoze ivyo atubwiye.
Abantu babiri ba mbere Yehova yaremye kw’isi baramutuntuje cane. Abo bantu babiri Imana yabashize kw’isi mw’Iparadizo yitwa “umurima wa Edeni.” None abo bantu babiri ni bande?— Ni vyo. Imana yatanguye kurema Adamu, mu nyuma na ho Eva. Reka turabe ikintu bakoze catumye Yehova atuntura.
Yehova amaze kubashira muri iryo tongo, yabasavye kuribungabunga. Yababwiye kandi ko boshoboye kuvyara abana, bakabana muri iryo tongo badapfa. Ariko rero imbere y’uko Adamu na Eva bavyara abana, harabaye ikintu kibabaje. Woba uzi ico ari co?— Hari umumarayika yatumye Eva agarariza Yehova, mu nyuma Adamu na we aragarariza. Reka turabe ingene vyagenze.
Uwo mumarayika yatumye inzoka iboneka nk’aho ari yo iriko iravuga. Eva yarashimye ivyo iyo nzoka yamubariye. Yamubariye yuko yobaye “nk’Imana.” Yaciye rero akora ivyo iyo nzoka yamubariye. Woba uzi ico kintu yakoze?—
Eva yarariye ku giti Yehova yari yabwiye Adamu ko badakwiye kuryako. Imbere y’uko Imana irema Eva yabwiye Adamu iti: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.”
Eva yari azi iryo tegeko. Ariko yagumye araba ico giti, maze abona ko “cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso . . . Nuko yakira ku vyamwa vyaco ararya.” Mu nyuma yarahaye ico camwa Adamu, na we “ararya.” Wibaza ko Adamu yariye kubera iki?— Ni kubera ko yakunze cane Eva kuruta uko yakunda Yehova. Yahisemwo kunezereza Eva aho kunezereza Imana. Ariko rero kugamburukira Yehova birahambaye cane kuruta kugamburukira uwundi muntu uwo ari we wese!
Woba wibuka ya nzoka yavugisha Eva? Hariho uwatumye iyo nzoka iboneka nk’aho ari yo iriko iravuga, nka kurya nyene umuntu ashobora gutuma agakinisho kaboneka nk’aho kariko karavuga. None ijwi ry’iyo nzoka ryari irya nde?— Ryari irya “ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani.”
Woba uzi none ingene wonezereza Yehova?— Womunezereza mu kwama ugerageza kumugamburukira. Shetani avuga yuko ashobora gutuma abantu bose bakora ivyo we ashaka. Ni co gituma Yehova aduhimiriza ati: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.” Shetani aracokora Yehova, ari kwo kumutuka. Shetani avuga yuko ashobora gutuma abantu bose bareka gukorera Yehova. Nunezereze rero Yehova mu kumugamburukira no mu kumukorera! None uzokora uko ushoboye ngo umunezereze?—
Soma muri Bibiliya yawe
^ par. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.