Imana ibona gute ukuja hamwe kw’amadini?
“Idini ryoba ritunywanisha canke riraducanishamwo?” Ico ni ikibazo ikinyamakuru kimwe (The Sydney Morning Herald ) cabajije abasomyi baco. Benshi mu bagize ico bakivuzeko, nk’ibice 89 kw’ijana, bavuze ko idini riducanishamwo.
ABASHIGIKIRA ukuja hamwe kw’amadini bobo si ko babibona. Uwitwa Eboo Patel, ari na we yashinze Umuhari w’urwaruka uharanira ukuja hamwe kw’amadini yabajije ati: “Mbwira idini ritigisha abantu kugira ikigongwe . . . , ritigisha kubungabunga ibidukikije . . . , ritigisha ubwakiranyi.”
Nkako, biramaze gushika ababuda, abagatolika, abaporoti, abahindu, abisilamu n’abandi benshi bakaja hamwe kugira barwanye ubukene, bagire amasekeza yo guharanira agateka ka zina muntu, biyamirize ikoreshwa ry’amamine canke kugira bakangurire abantu gukingira ibidukikije. Abantu bo mu madini atandukanye barakoranira hamwe bakaganira ukuntu boremesha umwumvikano n’ukwungurana ubwenge. Barahimbaza ubudasa bwabo mu kugira imisi mikuru n’ibirori vyo gucana amabuji, bagakoresha umuziki, bagasenga, n’ibindi.
None ukwo kwivanga kw’amadini woba ari wo muti w’amatati y’amadini? Kuja hamwe kw’amadini bwoba ari bwo buryo Imana ikoresha kugira isi irushirize kumera neza?
ICO BAHEBA KUGIRA HABONEKE UBWO BUMWE
Rimwe mu mashirahamwe akomakomeye ahurikiyemwo amadini menshi ririgamba yuko rifise abanywanyi bo mu madini arenga 200 atandukanye be n’uko rikorera mu bihugu 76. Rivuga ko rifise umugambi wo “gutuma amadini asenyera ku mugozi umwe ku musi ku musi kandi mu buryo burama.” Ariko ntiwumve, ntivyaryoroheye na gato. Nk’akarorero, abatanguje uwo mugambi bavuga ko mu gutegura icegeranyo c’amategeko agenga iryo shirahamwe, vyabaye ngombwa ko bitonda cane ku majambo bokoresha, kugira boye gutsitaza amadini n’imigwi itandukanye vyateye umukono kuri ico cegeranyo. Kubera iki? Imvo imwe yabitumye ni uko habaye ukutumvikana ku vy’uko Imana yovugwa canke itovugwa muri ico cegeranyo. Baciye rero bafata ingingo yo kutayivuga canke ngo bayerekezeko mu buryo na bumwe.
None Imana ikuwemwo, wumva ukwizera Imana hari ikibanza kuba kugifise? Vyongeye, ishirahamwe nk’iryo riba ritandukaniye he n’ayandi mashirahamwe asanzwe y’abagiraneza? Ntibitangaje rero kubona iryo shirahamwe ubwaryo rivuga ko atari urwego rw’ivy’idini, ahubwo ko ari “ishirahamwe ryo guhuza abantu.”
KWIGISHA ABANTU GUKORA ICIZA VYOBA BIHAGIJE?
Uwitwa Dalai Lama, imboneza mu guharanira ukuja hamwe kw’amadini, avuga ati: “Amadini makurumakuru yose usanga yigisha ubu butumwa bumwe: urukundo, ikigongwe n’imbabazi.” Yongerako ati:
“Igihambaye ni uko ivyo bintu vyoturanga mu buzima bwacu bwa misi yose.”Ni ivy’ukuri yuko tuzi akamaro k’urukundo, ikigongwe, imbabazi n’ibindi nk’ivyo. Rya Tegeko ry’agakura Yezu yatanga rivuga riti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Ariko none, ukwizera nyakuri kwoba gusa ari ukuremesha abantu gukora iciza?
Intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’abantu benshi bo mu gihe ciwe bavuga ko bakorera Imana, ati: “Ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete; mugabo si mu bumenyi butagira amakosa.” None ingorane yari iyihe? Paulo yavuze ko “kubera ko batari bazi ubugororotsi bw’Imana,” bariko “[barondera] kwishingira ubwabo bwite.” (Abaroma 10:2, 3) Kubera ko bari bahajije ubumenyi butagira amakosa bw’ivyo Imana yagomba ko bakora, umwete wabo n’ukwizera kwabo vyari ivy’ubusa.
ICO BIBILIYA IVUGA KU VY’UKUJA HAMWE KW’AMADINI
Yezu yavuze ati: “Hahiriwe indemeshamahoro.” (Matayo 5:9) Ivyo Yezu yarabigendera mu kuremesha abantu kutagirira nabi abandi no mu gushikiriza ubutumwa bw’amahoro abantu b’ukwemera gutandukanye. (Matayo 26:52) Abakurikije inyigisho ziwe baragiraniye urukundo rwatumye bunga ubumwe bw’intamenwa. (Abakolosayi 3:14) Ariko none Yezu yoba yarondera gusa guhuza abantu b’ukwemera gutandukanye kugira babane mu mahoro? Yoba yarifatanije na bo mu vyo bakora mu bijanye no gusenga?
Indongozi z’idini z’umuce w’Abafarizayo n’uw’Abasadukayo zararwanije Yezu zivuye inyuma, ziranarondera kumwica. None yavyifashemwo gute? Yabwiye abigishwa biwe ati: “Bareke. Ni indongozi zihumye.” (Matayo 15:14) Yezu yaranse gucudika mu vy’Imana n’abantu nk’abo.
Haciye igihe, mu Bugiriki haravutse ishengero rya gikirisu mu gisagara c’i Korinto cari kizwi ko kirangwamwo imico kama n’amadini bitandukanye. None abakirisu baba ahantu nk’aho babwirizwa kuvyifatamwo gute? Intumwa Paulo yaraberetse neza ko mu bijanye no gusenga batari bakwiye kwifatanya n’abo badasangiye ukwemera. Yabandikiye ati: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera.” Kubera iki? Paulo yabafashije kuzirikana ati: “Kristu na Beliyali [ari we Shetani] bahuza bate? Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera?” Yaciye abahanura ati: “Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo.”
Biratomoye: Bibiliya iriyamiriza ivy’ukuja hamwe kw’amadini. Ariko ushobora guca wibaza uti: ‘None ubumwe nyakuri bwoboneka gute?’
ICO UBUMWE NYAKURI BUSHINGIYEKO
Ikigendajuru abahinga bakoreramwo citwa Station spatiale internationale ni ikintu c’agatangaza mu vy’ubuhinga bwa none kizunguruka isi cabonetse bivuye ku twigoro tw’ibihugu nka 15. Woba wibaza ko ivyo bihugu vyari gushobora guhingura ico kigendajuru iyo bidahuriza ku migero vyokoresha mu kugihingura?
Ibintu ni ukwo vyifashe mu baharanira ukuja hamwe kw’amadini muri iki gihe. Naho bavuga ko barondera gusenyera ku mugozi umwe no kwubahana, ntibafise ico twokwita imigero bahurizako kibafasha kwubaka ukwizera kwabo. Ivyo bituma hagati yabo haguma hari ukudahuza mu bijanye n’inyigisho be n’inyifato runtu.
Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako z’Imana, tukaba twozigereranya n’imigero. Turashobora kwubakira ubuzima bwacu ku vyo Bibiliya ivuga. Abayisunga vyarashobotse ko barengera ivy’ukwinubana bishingiye ku moko no ku madini, bariga gukorana mu bumwe n’amahoro. Ivyo ni vyo Imana yari yaravuze iti: “Nzohindura ururimi rw’ibisata vy’abantu rube ururimi rutyoroye, kugira ngo bose bambaze izina rya Yehova, kugira ngo bamukorere bahuje inama.” Kuvuga urwo “rurimi rutyoroye” mu gusenga Imana mu buryo idusaba ni vyo bituma haba ubumwe.
Ivyabona vya Yehova baragutumiye n’igishika ku Ngoro y’Ubwami iri hafi y’aho uba kugira wibonere ingene barangwa n’ubumwe n’amahoro bidasanzwe.