Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umubumbe wacu woba waremwe ku bw’umugambi kanaka?
Umubumbe tubako urafise ibikwiye vyose kugira ubuzima bushoboke. Uriko amazi menshi, na yo akaba ari ntahara ku buzima. Ukuntu isi ihengamye, ukuntu yizunguriza be n’inzira icamwo mu kuzunguruka izuba, ivyo vyose bituma amabahari adacika ibibarafu canke ngo akame kubera ubushuhe bwinshi. Vyongeye, ikirere gikikuje isi be n’inguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku birayikingira imishwarara yica. Ukuntu ibimera n’ibikoko usanga ari magiriranire biratangaje cane. Ivyo bituma abantu benshi bashika ku ciyumviro c’uko umubumbe wacu waremwe ku bw’umugambi kanaka.
Ariko wokwibaza uti: ‘Imibabaro n’akarenganyo vyoba biri muri uwo mugambi?’
Umugambi Imana yari ifise igihe yarema isi woba uzoranguka?
Isi yaremwe ngo abantu bubahana kandi bakunda Umuremyi wabo bayibeko bahimbawe. Ku bw’ivyo, ubuzima bw’abantu buri n’intumbero ihambaye kuruta ubuzima bw’ibimera n’ibikoko. Twebwe abantu turashobora kumenya Umuremyi wacu no gushima urukundo rwiwe n’ubutungane bwiwe kandi tukamwigana.
Uwaturemye arashoboye gushitsa ivyo yagabiye gukora vyose. Turashobora rero kwemera tudakeka ko azokuraho imibabaro n’akarenganyo, atume umubumbe wacu uba ahantu hatunganye haba abantu bahimbawe.