IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA KUBA UMUGENZI W’IMANA
Woba uyaga n’Imana?
Abagenzi somambike barayaga kenshi gashoboka, yaba amaso mu yandi, biciye kuri telefone, kw’ikete canke biciye kuri internet. Kugira rero tube abagenzi b’Imana, turakeneye kwama tuyaga na yo. Twobigenza gute?
Turashobora kuyaga na Yehova Imana biciye kw’isengesho. Ariko rero, isengesho dutura Imana si cokimwe n’ikiyago gisanzwe tugirana n’umuntu tungana. Igihe dusenga, dutegerezwa kumenya yuko tuba turiko turayaga n’Umuremyi wacu Musumbavyose. Ivyo rero bikwiye gutuma tumusenga n’icubahiro kigera kure. Kugira ngo Imana yemere amasengesho yacu, dutegerezwa gushira mu ngiro ivyo idusaba. Raba bitatu muri ivyo.
Ica mbere, dukwiye gusenga Yehova Imana wenyene aho gusenga Yezu, abitwa aberanda canke ibishusho. (Kuvayo 20:4, 5) Bibiliya ivuga itomora iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” (Abafilipi 4:6) Ica kabiri, amasengesho yacu akwiye guturwa mw’izina ry’Umwana w’Imana Yezu Kristu. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Ica gatatu, amasengesho yacu ategerezwa kuba ahuje n’ivyo Imana igomba. Bibiliya ivuga iti: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” *
Abagenzi bayaga bahanahana kandi bakabigira kenshi gashoboka
Abantu ntibashobora kuguma ari abagenzi mu gihe umwe muri bo yihariza ikiyago. Nka kurya nyene abagenzi bayaga bahanahana, dukwiye kureka Imana ikatuyagira, tugatega yompi igihe iba iriko iravuga. Woba uzi ingene Imana ituyagira?
Muri iki gihe, Yehova Imana atuyagira biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16, 17) Kubera iki tuvuze gutyo? Tubitangire akarorero: Dufate ko umugenzi wawe akwandikiye agakete. Umaze kugasoma, urashobora kubwira abandi unezerewe uti: “Umugenzi wanje yambwiye amakuru yiwe!” Ntimuba mwayaze amaso mu yandi, ariko muba mwayaze biciye mu nyandiko. Muri ubwo buryo nyene, igihe usoma Bibiliya uba uriko urareka Yehova akakuyagira. Ni co gituma Gina umwe twavuga mu ntango, avuga ati: “Nimba nipfuza ko Imana imbona nk’umugenzi wayo, ntegerezwa gusoma ikete yatwandikiye ari ryo Bibiliya.” Yongerako ati: “Gusoma Bibiliya ku musi ku musi vyatumye ndushiriza kwiyegereza Imana.” Woba ureka Yehova akakuyagira biciye ku gusoma Ijambo ryiwe Bibiliya ku musi ku musi? Ubigize bizokomeza ubugenzi ufitaniye n’Imana.
^ par. 5 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu wokwiyegereza Imana biciye kw’isengesho, raba ikigabane ca 17 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.