UMUNARA W’INDERETSI Nzero 2015 | Intwaro izira igiturire

Kw’isi yose, abantu babona ko inzego zijanye n’intwaro zageseye mu bijanye n’igiturire kuruta izindi nzego zose. Intwaro izira igiturire yoba ari indoto?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Igiturire mu ntwaro cabaye ndanse

Iyo ngorane irashobora kuba iyikomeye kuruta ukuntu wavyibaza.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ubwami bw’Imana—Intwaro iterekwa igiturire

Ibintu bitandatu vyerekana ko ubwo Bwami butazokwigera burangwamwo igiturire

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramaze inyota

Igihe se wa Mayli Gündel yapfa, ntiyabaye acemera ko Imana ibaho. Ni igiki catumye yemera Imana vy’ukuri bigatuma agira amahoro mu mutima?

Yemwe bagabo, nimutume abagore banyu bamererwa neza!

Umuryango woshobora kumererwa neza mu vy’ubutunzi, ariko umerewe nabi mu bundi buryo buhambaye kuruta.

Wari ubizi?

Igihe Bibiliya ivuga “inkone” iba ishaka kuvuga iki? Kubera iki abungere bavugwa muri Bibiliya batandukanya intama n’impene?

Twoba dukwiye gusenga Yezu?

Yezu ubwiwe yarishuye ico kibazo.

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Imana yoba yararemye abantu canke bakomotse ku bikoko?

Ibindi usanga kuri internet

Bibiliya yoba ivuga ibijanye n’ukwabirana kw’abasangiye igitsina?

Uwatanguje umubano w’ababiranye ategerezwa kuba azi neza ukuntu hoba ubucuti burama kandi burangwa agahimbare.