UMUNARA W’INDERETSI Gitugutu 2015 | Gusenga bimaze iki?
Umwanditsi umwe yavuze ko gusenga ari nko kuvugana n’igikoko utunze. Ivyo vyoba ari vyo?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Ni kubera iki abantu basenga?
Hari aho wotangara umenye ivyo abantu basenga basaba.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Hoba hari uwumviriza amasengesho?
Kugira isengesho ryishurwe, hariho ibintu bibiri nyamukuru bisabwa.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Igituma Imana idutera akamo ngo dusenge
Isengesho riraturonsa imfashanyo ata handi twoyikura.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Gusenga vyokumarira iki?
Uzokwunguka iki niwaza urasenga kenshi?
Wari ubizi?
Ni ibiki bitoroheye Herodi igihe yasubira kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu? Kubera iki abantu bo mw’izinga rya Malita biyumviriye ko intumwa Paulo yari umwicanyi?
BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA
Ubu ndashobora gufasha abandi
Julio Corio yaragize isanganya ribabaje bituma abona ko Imana itamukunda. Muri Kuvayo 3:
Twoba vy’ukuri dushobora kumenya Imana?
Ibintu vyerekeye Imana bigoye gutahura vyoshobora kudufasha kurushiriza kuyimenya.
IMPANURO IDATA IGIHE
Kubabarira abandi
Kugira tubabarire abandi, vyoba bisaba ko dufatira mu rwara canke mbere twirengagiza umubabaro baduteye?
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ni nde ashobora gukuraho ubukene?