Uburyarya bwoba buzokwigera buhera?
PANAYIOTA yakuriye mw’izinga rimwe ryo muri Mediterane. Amaze kugera mu buyabaga, yaratanguye kwitaho cane ivya politike. Mu nyuma yarabaye umunyamabanga w’umugambwe umwe wo mu kigwati yabamwo. Mbere yaragenda inzu ku nzu gutoza intererano z’uwo mugambwe. Ariko rero yahavuye abona ko yariko aruhira ubusa. Naho abagize uwo mugambwe bitana abagenzi, wari wuzuyemwo aka mwana wa mama, uguhahamira ubukuru, kwicamwo ibice be n’ishari.
Daniel yakuriye mu muryango ukunda cane gusenga wo muri Irlande. Ariko rero ikibabaje, aribuka neza uburyarya bw’abapadiri bakunda kuborerwa, gukina akamari no kwiba imperezwa, mugabo bakaguma bamwigisha ko azoja mu muriro udahera niyacumura.
Jeffery yarakoreye cane ishirahamwe ry’ivy’urudandaza rikorera mu bihugu vyinshi rifise icicaro mu Bwongereza no muri Amerika. Aribuka ko kenshi abakiriya n’abahiganirwa amasoko bakoresha amanyanga igihe baba bari kumwe n’abakozi ba leta. N’uburyarya n’akantu barakora ibishoboka vyose kugira batsindire isoko.
Ikibabaje, ibintu nk’ivyo vyama vyabaye. Uburyarya buri hose muri iki gihe: muri politike, mu madini no mu vy’urudandaza. Ntibitangaje kubona ijambo “uburyarya” rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki ryerekeza ku muntu avugira imbere y’abantu canke akina ibikino, akenshi ugasanga yambaye ikintu kimuyoberanya mu maso. Iryo jambo ryahavuye ryerekeza ku muntu uwo ari we wese yiyorobeka kugira ngo ashike ku vyo ashaka.
Abantu bagizweko uburyarya birabashavuza cane. Hari abovugana ishavu bati: “Mbega uburyarya buzokwigera buhera?” Igishimishije, Ijambo ry’Imana riratwereka igituma twokwemera ko buzohera.
INGENE IMANA N’UMWANA WAYO BABONA UBURYARYA
Nk’uko Bibiliya ivyerekana, abantu si bo batanguje uburyarya, bwatangujwe n’umumarayika. Mu ntango y’ubuzima bw’abantu, Shetani yariyoberanije akoresheje inzoka, yigira nk’umugiraneza kugira ahende umugore wa mbere Eva. (Itanguriro 3:1-5) Kuva ico gihe abantu benshi baragerageje kwiyerekana uko batari, ivyo bakabikora kugira bahende abandi canke bashike ku nyungu zabo bwite.
Igihe ihanga rya Isirayeli ryaja mu vy’ugusenga kw’ikinyoma be no kugira uburyarya mu gusenga kwabo, Imana yarababuriye akatari gake irabereka Yesaya 29:13) Kubera ko banse kwigaya, Imana yararetse amahanga akomeye arasangangura Yeruzalemu n’urusengero rwaho, aho hakaba ari ho hari intimatima y’ugusenga muri Isirayeli. Ubwa mbere hasanganguwe n’Abanyababiloni mu 607 imbere ya Kristu, mu nyuma hasangangurwa n’ingabo z’Abaroma mu 70 inyuma ya Kristu. Vy’ukuri Imana ntiyihanganira uburyarya ibihe vyose.
ingorane zobashikiye. Yehova Imana abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Yesaya yavuze ati: “Aba bantu banyegereye n’akanwa kabo gusa, [bani]naharisha iminwa yabo gusa, kandi . . . bigije umutima wabo kure yanje cane.” (Ariko Imana n’Umwana wayo Yezu barakunda cane abantu b’inziraburyarya. Nk’akarorero, hari umugabo yitwa Natanayeli yaje kuri Yezu, mu ntango y’ubusuku bwiwe. Yezu akimukubita ijisho yavuze ati: “Raba, Umwisirayeli vy’ukuri, atarimwo ubuhendanyi.” (Yohani 1:47) Natanayeli, uwitwa kandi Barutelemi, yahavuye aba umwe mu ntumwa 12 za Yezu.
Yezu yaramaranye umwanya n’abayoboke biwe, arabigisha ingene Imana ibona ibintu. Nta kibanza na gitoyi uburyarya bwari bukwiye kugira muri bo. Mu kubaburira, Yezu yaranebaguye cane imigenzo yuzuye uburyarya abakuru b’amadini bo muri ico gihe bakora. Raba imwimwe muri yo.
Bakora ivy’“ubugororotsi” kugira biyerekane. Yezu yabwiye abariko bamwumviriza ati: “Murabe neza ntimuze murashitsa ubugororotsi bwanyu imbere y’abantu kugira ngo babitegereze . . . nk’uko abiyorobetsi babigira.” Yababwiye kandi gutanga imfashanyo “mu mpisho,” ni ukuvuga batarinze kwiyerekana. Bari bakwiye gusenga biherereye, atari gusa kugira abandi bababone. Aho ni ho ugusenga kwabo kwobaye ari ukw’ukuri kandi kugashimwa na Se wiwe.
Mu gutorana amahinyu bari aba mbere. Yezu yavuze ati: “Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure [i]kigiga mu jisho ryawe, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi mu jisho rya mwene wanyu.” (Matayo 7:5) Igihe umuntu abona amakosa y’abandi kandi na we ubwiwe afise amafuti menshi, aba ariko ariyorobeka. Nakare Bibiliya ivuga ko abantu “bose bacumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.”
Bakorana imvo mbi. Igihe kimwe, abigishwa b’Abafarizayo n’abanywanyi bo mu mugambwe wa Herodi baraje kuri Yezu bamubaza ibijanye n’ikori. N’uburyarya n’akantu babwiye Yezu bati: “Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko wigisha inzira y’Imana mu kuri.” Maze baca bamutega umutego mu kumubaza bati: “Vyoba vyemewe kuriha Sezari ikori ry’umutwe canke ntivyemewe?” Yezu yishuye ati: “Kubera iki mungeza, mwa biyorobetsi mwe?” Birabereye kubona Yezu yarabise abiyorobetsi kubera ko batariko barondera vy’ukuri inyishu y’ico kibazo ahubwo bashaka “bamutegere mu majambo avuga.”
Abakirisu b’ukuri bagaragaza “urukundo ruva ku mutima udahumanye no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi.”
Igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa kuri Pentekoti yo mu 33, abakirisu b’ukuri barakoze uko bashoboye kwose kugira birinde uburyarya n’ikinyoma. Nk’akarorero, Petero umwe muri za ntumwa 12 yaremesheje abakirisu bagenziwe “kugamburukira ukuri [babigiranye] ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi.” (1 Petero 1:22) Intumwa Paulo na we yaremesheje abo bari bafadikanije igikorwa kugira “urukundo ruva ku mutima udahumanye no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi.”
UBUBASHA BW’IJAMBO RY’IMANA
Inyigisho za Yezu n’intumwa ziwe ziracafise ububasha nk’uko vyari mu kinjana ca mbere. Kuri ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri kandi rikinjira gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu, ingingo n’umusokoro wazo, Abaheburayo 4:12) Kumenya inyigisho zo muri Bibiliya no kwihatira kuzikurikiza mu buzima vyarafashije abantu benshi kuvavanura n’uburyarya baraba imvugakuri. Reka tugaruke kuri ba bantu batatu bavugwa mu ntango.
kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Panayiota yarakozwe ku mutima cane igihe yitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami vy’Ivyabona vya Yehova. Ntiyigeze abona abantu biyerekana kugira batangaze abandi. Avuga ati: “Nahabonye urukundo nyakuri be n’ukwitwararikana ntari bwigere mbona mu myaka yose namaze niruka mu vya politike.”
Panayiota yaratanguye kwiga Bibiliya maze aratera imbere gushika abatijwe. Haraciye imyaka 30 ivyo bibaye. Avuga ati: “Igihe naja inzu ku nzu namamaza umugambwe wacu sinatahura neza intumbero y’ubuzima. Nagiye kuyitahura igihe natangura kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana, yo ntwaro yonyene izotuma turonka isi itunganye.”
Daniel yarateye imbere mw’ishengero arashingwa n’ibikorwa. Haciye imyaka mikeyi yarakoze ikosa maze ijwi ryo mu mutima ritangura kumubuza amahoro. Yavuze ati: “Naributse uburyarya nari narabonye mw’idini nahozemwo nca mbona ko nkwiye guhagarika ibikorwa nari njejwe. Sinashaka ko abandi bakirisu bambona neza kandi atari ko ndi.”
Igishimishije ni uko haciye igihe Daniel yikosoye maze arabona ko ashobora gusubira kurangura ibikorwa yari ajejwe ata jwi rimwagiriza ikibi. Agatima keza nk’ako ni ko karanga abakorera Imana ata buryarya. ‘Barakura ikigiga’ mu jisho ryabo bwite imbere yo ‘gukura igikumbi’ mu jisho ry’abo basangiye ukwemera.
Jeffery, umwe yakorera cane mu vy’urudandaza yavuze ati: “Maze kumenya vyinshi muri Bibiliya narabonye ko ntashobora kubandanya ndi umutekamutwe yiteguriye gukora ibishoboka vyose kugira ngo atsindire isoko. Narakozwe ku mutima n’imirongo yo muri Bibiliya nk’
Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barihatira gushira mu ngiro ivyo bize muri Bibiliya. Barakora uko bashoboye “[ba]kambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:24) Tukuremesheje kurondera kumenya Ivyabona vya Yehova abo ari bo, ivyo bemera be n’ingene bashobora kugufasha gutahura ibijanye n’isi nshasha Imana yasezeranye. Aho ni “ho ubugororotsi buzoba” kandi nta buryarya buzoharangwa.