Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

IKIGABANE CA 20

Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?

Andika izina ry’umwigisha ukunda cane. ․․․․․

Umukundira iki? ․․․․․

Andika izina ry’umwigisha mutumvikana na gato. ․․․․․

URASHOBORA kwihitiramwo abagenzi, mugabo igihe ukiri muto ntushobora kwihitiramwo abigisha. Ushobora kuba ubakunda bose. Uwitwa David w’imyaka 18 avuga ati: “Mu bigisha banje, nta n’umwe vy’ukuri turigera tugiranira ingorane. Ndabubaha na bo bakankunda.”

Ariko rero, woshobora kuba ufise umwigisha ameze nk’uwuvugwa n’umwigeme w’imyaka 11 yitwa Sara. Avuga ati: “Afise umutima mubi cane. Ivyo yigisha sindavyumva. Ntasigura icigwa ciwe bihagije, agisiguye na ho avuga menshi cane.” Kugira wumvikane n’umwigisha wawe, urakeneye kubanza kumenya ingorane wiyumvira ko ufise. Umaze kuyimenya, uba ushoboye kuyitorera umuti. Shira aka kamenyetso ✔ mu kumba kabereye (mu twumba tubereye) mu turi aha munsi canke wandike impamvu yawe bwite.

□ Sintahura ukuntu umwigisha wanje ameze

□ Nari nkwiye amanota menshi kuruta

□ Niyumvira ko agira nkunzi

□ Ibihano ampa birarenze

□ Aranyinuba

□ Ikindi ․․․․․

Ni igiki cogufasha? Intambwe ya mbere ni ugushira mu ngiro impanuro yatanzwe n’intumwa Petero. Yanditse ati: “Mwese muhuze umuzirikanyi, mugire impuhwe.” (1 Petero 3:8) Ni igiki cotuma ugirira impuhwe umwigisha wiyumvira ko afise umutima mubi? Ehe ibintu bimwebimwe vyerekana ukuntu abigisha bameze vyogufasha.

Abigisha barihenda. Na bo nyene barafise utunenge, ingorane, mbere n’umwikeko. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.” (Yakobo 3:2) Uwitwa Brianna w’imyaka 19 avuga ati: “Umwigisha wanje w’ibiharuro nta kwihangana yari afise; akenshi yaradukankamira. Vyaratugora rero kumwubaha.” Kimwe mu vyatuma amera gutyo cari igiki? Brianna avuga ati: “Abanyeshure bari intagondwa, bama bakora ivy’ubusazi kugira bashavuze cane umwigisha.”

Nta nkeka ko wobishima igihe umwigisha yirengagije amakosa yawe n’utunenge twawe, canecane igihe wayakoze uri mu mukazo mwinshi. Ubona nawe wokwihanganira umwigisha wawe? Andika aha munsi ikintu kibi giherutse gushika kw’ishure be n’ico wiyumvira ko catumye umwigisha wawe avyifatamwo ukunaka.

․․․․․

Abigisha ntibakunda abanyeshure kumwe. Zirikana ingorane abigisha bawe bagira: Ni abanyeshure bangahe banezerwa no kuba bari mw’ishure igihe umwigisha ariko arigisha? Mu bo binezereza koko, ni bangahe boshima kumara inusu y’isaha canke irenga bakurikira icigwa badasamara kandi bakaba babishoboye? Ni abanyeshure bangahe bakunda guta ibishavu ku bigisha? Ubu na ho, dufate ko ufise akazi ko kwigisha abana 20, 30, canke barenga mu bo mu runganwe rwawe kandi bake muri bo bakaba ari bo bipfuza gukurikira ico cigwa. None ntiwokwitaho canecane abo ubona ko bagikunda?

Ni ivy’ukuri ko utobura gushavura ubonye icosa n’ukugira nkunzi gukabije. Ku bijanye n’umwe mu bigisha biwe, Natasha avuga ati: “Yaradushingira itariki yo kurangirizako udukorwa mugabo abakinyi b’umupira bobo akama abongera umwanya. Nta wundi yagirira gutyo. Ivyo ntivyari bitangaje narirya yari icegera c’umumenyereza w’uwo mugwi.” Ibintu nk’ivyo nivyagushikira, uribaza uti: ‘Noba ntaronka inyigisho nkeneye?’ Nimba uzironka, wokwirirwa urababazwa n’iki canke ugira ishari ry’iki?

Andika aha munsi ivyo wokora kugira wereke umwigisha wawe mu buryo butomoye ko uryoherwa n’ivyo yigisha.

․․․․․

Hari aho abigisha batahura nabi abanyeshure. Birashika ukudahuza kamere canke ugutahurana ukutari ko bikaguteranya n’umwigisha wawe. Kubaza ibibazo cane vyoshobora kubonwa nk’ubugarariji, canke kuvuga akantu gatwenza bikabonwa nk’ukutubaha canke ubupfu.

Wokora iki bishitse umwigisha akagutahura ukutari ko? Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.” (Abaroma 12:17, 18) Ntugerageze gushavuza umwigisha wawe. Niwirinde imishamirano idakenewe. Ntuhe umwigisha wawe imvo zumvikana zo kwidoga. Ahubwo nugerageze kumugira umugenzi. Uti kumugira umugenzi? Eee, niwerekane urupfasoni mu kumuramutsa n’icubahiro igihe winjiye mw’ishure. Ubandanije kugaragaza urupfasoni, mbere ukaza uracishamwo ukamwenyura, hari aho yohindura ukuntu akubona.—Abaroma 12:20, 21.

Nk’akarorero, uwitwa Ken yari afise abigisha bakunda kumwiyumvira ukutari ko. Avuga ati: “Nsanzwe ndi umunyamasoni, akaba ari co gituma ntigera mvugisha abigisha banje.” None yatunganije gute iyo ngorane? Agira ati: “Nahavuye ntahura yuko akenshi abigisha banje baba bashaka kumfasha. Naciye rero nishingira umugambi wo kumenya neza abigisha banje bose. Maze kubamenya, amanota naronka yariyongereye bimwe utoraba.”

Ni ivy’ukuri yuko kugira umutima mwiza no kuyagisha umwigisha bitazokwama bituma mwumvikana. Ariko niwihangane. Umwami Salomo yanditse ati: “Ukwihangana n’ukuvugana ubwitonzi birashobora kujijura umutegetsi [canke umwigisha] no gutorera umuti ingorane iyo ari yo yose.” (Imigani 25:15, Contemporary English Version) Nugume utekanye kandi uvugane ubwitonzi igihe urenganijwe. Hari aho vyotuma umwigisha wawe ahindura ukuntu akwiyumvira.—Imigani 15:1.

Ukunda guca ukora iki igihe bishitse umwigisha wawe akagutahura ukutari ko canke akakurenganya?

․․․․․

Worushiriza kuvyifatamwo neza gute?

․․․․․

Gutorera umuti ingorane zinaka

Gutahura ko umwigisha wawe ari n’aho ageza ni intango gusa. Wokora iki none kugira utorere umuti ingorane yinaka? Nk’akarorero, wovyifatamwo gute mu myidogo ikurikira?

Nari nkwiye amanota menshi kuruta. Uwitwa Katrina avuga ati: “Nari menyereye kuronka amanota meza cane. Mugabo umwaka umwe, umwigisha wanje w’icigwa c’ivy’ubuhinga yarampaye amanota mabi cane. Nari nkwiriye menshi kuruta. Abavyeyi banje baravuganye n’umuyobozi. Mugabo ico yakoze gusa kwabaye ukuyaduza gatoyi, ariko nagumye mfise ishavu ryinshi.” Nimba ufise ingorane nk’iyo, ntuce unebagura cane umwigisha wawe. Ahubwo niwigire ku karorero ka Natani avugwa muri Bibiliya. Yari afise igikorwa kitoroshe co gushira ahabona ikosa rikomeye Umwami Dawidi yari yakoze. Natani ntiyirashe mu kirimba agenda arasemerera yagiriza Dawidi, ahubwo yaramwegereye abigiranye ukwigengesera.—2 Samweli 12:1-7.

Na wewe nyene woshobora kwegera umwigisha wawe wicishije bugufi kandi utekanye. Hamwe woca ushavura canke ukagiriza umwigisha wawe ngo ntazi kwigisha canke ukamwagiriza n’ibiruta ivyo, ntivyotuma muhuza. Gerageza kuvyifatamwo nk’umuntu akuze. Nubanze usabe umwigisha wawe agufashe gutahura ukuntu yatanze amanota. Salomo yanditse ati: “Niwumvirize imbere yo kwishura. Nutabigira uzoba ubaye ikijuju kandi uzoba utukanye.” (Imigani 18:13, Today’s English Version) Umaze kwumviriza, woshobora guca werekana aho wiyumvira ko habaye ukwihenda. Naho umwigisha wawe atokwongera amanota, ntazobura gukorwa ku mutima n’ukuntu werekanye ko uhumuye.

Mbona ko umwigisha yinubana. Raba ivyashikiye Rasheli. Yari amenyereye kuronka amanota meza cane. Aho ashikiye mu w’indwi ibintu vyarahindutse. Rasheli avuga ati: “Nta ko umwigisha atagize ngo nanirwe mu cigwa ciwe.” None ingorane yari ihagaze he? Uwo mwigisha yaratomoreye Rasheli na nyina wiwe ko adakunda idini ryabo.

Uti none vyagenze gute? Rasheli avuga ati: “Igihe cose bibonetse ko umwigisha yankosoye nabi ampora umwikeko, twaca tujana na mama tukabiyaga na we. Yahavuye areka kumerera nabi.” Niwaba ufise ingorane nk’iyo, ntiwitinye kuyiyaga n’abavyeyi bawe. Ntibazobura guhimbarwa no kuganira na nya mwigisha hamwe kumbure n’umuyobozi w’ishure kugira itorerwe umuti.

Nubone kure

Mu vy’ukuri, ingorane zose zigoye ufise ntizizoca ziva mu nzira. Hari aho vyosaba ko wihangana. Uwitwa Tanya avuga ati: “Umwe mu bigisha banje yabona nabi abanyeshure biwe. Yarakunda kudutuka, akatwita ibijuju. Mu ntango nararira, ariko nahavuye niga kwihanganira ibitutsi vyiwe. Narituniye ku gikorwa canje kandi nguma nitaho cane icigwa ciwe. Ivyo vyatumye ataba akimbuza amahoro cane, bituma kandi mba muri bakeya baronse amanota meza. Haciye imyaka ibiri, yarirukanywe mu kazi.”

Niwige ingene wovyifatamwo imbere y’umwigisha agoye, maze uzokwironkera ubuhanga bugufasha mu buzima, ubuhanga buzogufasha igihe uzoba ufise umukoresha agoye. Bizokwigisha kandi gushima abigisha beza niwabaronka.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba ubona umengo umwanya ufise ntukwiye? Raba ingene wokwiga gukoresha neza umwanya wawe.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”—Matayo 7:12.

IMPANURO

Nimba wiyumvira ko umwigisha wawe arambira, niwibande ku vyo yigisha ntiwibande kuri we. Nuze uragira utwo wiyandikiye, usabe izindi nsobanuro ubigiranye urupfasoni, kandi ugirire igishika ivyo yigisha. Igishika kirandukira.

WARI UBIZI . . . ?

Vyoshoboka ko umwigisha wawe yoba amaze imyaka n’iyindi yigisha icigwa akwigisha. Hari aho rero bitomworohera kuguma afitiye ico cigwa igishika yari agifitiye mu ntango.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ntume icigwa cahora kindambira kirushiriza kundyohera, nzogira ibi: ․․․․․

Mbonye ko umengo umwigisha wanje arandenganya, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bihambaye kwibanda cane ku cigwa aho kwibanda ku mwigisha?

● Ukuntu ubona icigwa vyoshobora gute kugira ico bikoze ku kuntu umwigisha akubona?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 146]

“Narihatiye kugiranira ubugenzi n’abigisha banje bose. Ndazi amazina yabo, kandi iyo duhuriye mu nzira, ndafata iminuta mikeyi tukaganira.”—Carmen

[Ifoto ku rup. 145]

Abigisha ni nk’amabuye yo kujabukirako ashobora kugufasha kujabuka ukava mu bujuju, ariko utegerezwa gutambuka