Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya
Igihe wiyumviriye umuntu afise amaganya a hari aho woca ubona umuntu yatekewe n’ubwoba, umuntu bigora kuvyuka mu gitondo canke umuntu yama yidogera ingorane afise.
Hari abo ivyo bishikira igihe bafise amaganya. Yamara abashakashatsi basanze yuko hari abandi bavyifatamwo ugutandukanye, na canecane abagabo. Raporo imwe yavuze ko iyo abagabo «bafise amaganya akenshi baca banywa inzoga nyinshi n’ibiyayuramutwe kugira bayagabanye, rero igihe abagabo banywa inzoga nyinshi kirashobora kuba ari ikimenyetso c’uko bafise amaganya menshi. Vyongeye igihe abagabo bafise amaganya, benshi barakaza ishavu.»
Ni ivy’ukuri ko abagabo bose batavyifatamwo kumwe igihe bafise amaganya. Ariko rero, uko umuntu yovyifatamwo kwose, ibitera amaganya birushiriza kwongerekana muri ibi «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1) Nimba ufise amaganya, Bibiliya yoba yoshobora kugufasha?
Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zogufasha igihe ufise amaganya
Bibiliya irimwo impanuro zihambaye zodufasha igihe dufise amaganya. Raba zitatu muri zo.
1. «Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Umusi wose urifitiye ingorane zawo.»—Matayo 6:34.
Ico hasobanura: Biraba vyiza iyo twirinze kwiganyira birenze urugero ku bintu twiyumvira ko bishobora kuzoshika canke ntibishike. Akenshi, ibintu ntivyama bigenda nk’uko twari tuvyiteze. Rimwe na rimwe, ibintu birashobora kugenda neza kuruta uko twabiziga.
Nugerageze iki kintu: Niwibuke igihe wibaza ko ibintu bizogenda nabi ariko amaherezo bikagenda neza. Nuce usuzuma ibintu biriko biragutera amaganya, urabe nimba vy’ukuri ivyo bintu bishobora kuvamwo ingorane zikomeye.
2. «Kurya icuma gikarisha ikindi, ni ko umuntu akarisha umugenzi wiwe.»—Imigani 27:17.
Ico hasobanura: Igihe duhaye akaryo abandi bantu, barashobora kudufasha iyo dufise amaganya. Barashobora kuduha impanuro zodufasha bisunze ivyabashikiye. Hari n’aho, bodufasha kubona ko ibidutera amaganya bidahambaye.
Nugerageze iki kintu: Niwiyumvire umuntu yoshobora kuguha impanuro nziza, nk’umugenzi yoba yarigeze gushikirwa n’ingorane iriko iragushikira. Numubaze ivyoba vyaramufashije hamwe n’ibitamufashije.
3. «Muterer[e] amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.»—1 Petero 5:7.
Ico hasobanura: Imana iritaho cane abariko barashikirwa n’ingorane. Idusaba kuyisenga tukayibwira ibintu vyose bidutera amaganya.
Nugerageze iki kintu: Niwandike ibintu vyose biriko bituma ugira amaganya. Nuce usenga Imana uyibwire ingorane yose ufise, wongere uyisabe igufashe kuyihanganira
Igihe ata maganya azoba akiriho
Bibiliya irimwo n’ibindi uretse impanuro zodufasha igihe dufise amaganya. Idusezeranira ko ibintu bidutera amaganya muri iki gihe bigiye kuvaho burundu. None ivyo bizoshoboka gute?
Ubwami bw’Imana buzokuraho ibintu vyose bituma tugira amaganya. (Ivyahishuwe 21:4) Mu vy’ukuri, ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana ntituzokwibuka mbere ibintu vyadutera amaganya canke vyahora bituraza ishinga.—Yesaya 65:17.
Ivyo ni vyo «ya Mana itanga amahoro» ikwipfuriza. (Abaroma 16:20) Iduhumuriza iti: «[Ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako. Ni ivyiyumviro vy’amahoro, si ivy’ivyago. Nipfuza kubaha kazoza n’icizigiro.»—Yeremiya 29:11.