Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mary_Ukraine/stock.adobe.com

NUGUME URI MASO!

Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?

Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?

 Mu 2024, hazoba amatora menshi hirya no hino kw’isi. Ariko rero, abantu benshi ntibacizigira abanyapolitike.

  •   Mu matohoza yakozwe muri Amerika, Abanyamerika benshi bavuze ko «abanyapolitike benshi bakora ibintu babitumwe n’ubwikunzi», aho kubikora kubera ko bashaka gufasha abantu. a​—Vyavuzwe n’ikigo kimwe gikora amatohoza (Pew Research Center), ku wa 19 Nyakanga 2023.

 Abakiri bato benshi na bo nyene ntibacizera abanyapolitike.

  •   «Abakiri bato bo muri iki gihe akenshi bipfuza kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye bafise. Ariko mw’itohoza ryagizwe, bavuze ko abanyapolitike batabaha inyishu baba bakeneye.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The New York Times, ku wa 29 Nzero 2024.

  •   «Itohoza ryakozwe ryerekana ko abakiri bato basigaye bizigira abashira amavidewo kuri YouTube kuruta uko bizigira abanyapolitike.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The Korea Times, ku wa 22 Nzero 2024.

 Twoba twokwizigira ko abanyapolitike bazotuma ibintu bigenda neza? Ni nde twokwizigira?

Nube maso mu guhitamwo uwo wokwizigira

 Abantu barakwiye kuba maso mu guhitamwo abo bizigira. Bibiliya ivuga ko «umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

  •   Kugira uronke impanuro ngirakamaro z’ukuntu wosuzuma nimba amakuru ari ay’ukuri canke ay’ikinyoma, nusome ikiganiro kivuga ngo «Niwirinde amakuru y’ikinyoma

 Vyongeye, mbere n’abanyapolitike bafise umutima mwiza kandi bipfuza gufasha abantu barafise aho bagarukiriza mu vyo bakora. Ni co gituma Bibiliya ituburira ngo:

  •   «Ntukishimire abatware, ntukishimire mwene Adamu, kuko ata rukiza ruri muri we.»​—Zaburi 146:3, Bibiliya Nyeranda.

Umutware wokwizigira

 Bibiliya irerekana ko Imana yashizeho Umutware ashoboye gutegeka gusumba abandi kandi dushobora kwizigira, na we akaba ari Yezu Kristu. (Luka 1:32, 33) Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana, na bwo bukaba ari intwaro iganza iri mw’ijuru.​—Matayo 6:10.

a Pew Research Center: “Americans’ Dismal Views of the Nation’s Politics,” Nyakanga 2023.