Ururirimbo 42
‘Fasha abagoyagoya’
1. Naho kugoyagoya
Bitwizizira,
Yehov’aratwitaho
Kw’atwikundira.
Afis’imbabazi
N’urukundo nanzi.
Natwe dusahirize,
Barya barira.
2. Kubitaho ni na vyo
Twe twigishijwe.
Kristu yadupfiriye
Ngo tuzokizwe.
N’Iman’iremeza
Ko bameze neza.
Tubabarane na bo,
Bahumurizwe.
3. Aho kubahinyura
Nitubakeze.
Tube abanyabuntu,
Tubakomeze.
Oya ntiduheshe;
Nitubaremeshe.
Tubafashije gutyo
Bogir’urweze.
(Raba kandi 2 Kor. 11:29; Yes. 35:3, 4; Gal. 6:2.)