Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 26

Yewe, gendana n’Imana!

Yewe, gendana n’Imana!

(Mika 6:8)

1. Yewe, gendana n’Imana,

Mu kwifata ruto.

Ubuntu n’ugutungana

Bigire yo ngendo!

Niwagumy’ukuri kwayo,

Uzoshima yuko

Wokwam’uyoborwa na yo

Kurya kw’umucuko.

2. Yewe, gendana n’Imana,

Wirinde kwandura.

Ter’imbere, va mu bwana.

Woye gucumura.

Ibizir’ubuhumane,

Vyiza, biroranye,

Ivyo nubizirikane,

Wame wihanganye.

3. Yewe, gendana n’Imana,

Ub’intahemuka.

Uzumv’urweze bizana

Kand’uzokwunguka.

Jana na yo uyizere;

Wam’uyishemeza.

Yikorere wironkere

Akanyamuneza.