Ndakomeza ukwizera kwanje
Voma:
1. Ndibaza nimba noba ndi mu kuri, ko ntayovye.
Nguma nibaz’ibibazo, bintesh’umutwe
Simbon’inyishu.
Ariko ndafat’umwanya wo kwiyigisha.
Igihe hari ibinzazanira,
Rab’ivyo nkora:
(ICITABIRIZO)
Ndikomeza mu kwizera.
Nkasaba Yehov’amfashe
Ngo singume nkekeranya.
Aranyishura, akamp’ivyo nkeneye
Bizomfasha
Gukomeza
Ukwizera
2. Shetani ashaka ntitubone neza ikibereye.
Ariko sinipfuza ko niyizigira,
Ngume nirwanako.
Ni co gituma nirind’inzir’izimiza
Mu kwisung’Ijambo rya Yehova.
Ntiyiger’abesha.
(ICITABIRIZO)
Ndikomeza mu kwizera.
Nkasaba Yehov’amfashe
Ngo singume nkekeranya.
Aranyishura, akamp’ivyo nkeneye
Bizomfasha
Gukomeza
Ukwizera
(IKIRARO)
Igihe nzirikanye ku canditswe,
Ku ndirimbo cank’ikiyago,
Yehov’ab’anyishuy’akankomeza
Mu kwizera.
(ICITABIRIZO)
Ndikomeza mu kwizera.
Nkasaba Yehov’amfashe
Ngo singume nkekeranya.
Yam’anyishura, akamp’ivyo nkeneye
Ngo nkomeze
Ukwizera.
Nkomeze(x4)
Ukwizera.