Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dufatane mu nda

Dufatane mu nda

Voma:

  • (INTANGAMARARA)

    Bavukanyi twikundira!

    Aka kamo ni rwanyu!

  1. 1. Dusenga Iman’imwe.

    Kw’isi yose turunz’ubumwe.

    Twese twigish’ukuri,

    Dushemez’Imana n’ijwi rimwe.

    (INTEGUZA)

    Tugiz’ivyago,

    Ntitwirwanako.

    Har’abaduserukako.

    (ICITABIRIZO)

    Dufatanye mu nda ntakizodutanya.

    Dufatanye mu nda biradukomeza.

    Dufatanye mu nda, turaremeshanya.

    Turasenyera ku mugoz’umwe, bikadukomeza.

  2. 2. Ntiduturuka hamwe.

    Gutyo ntidusangiy’imico.

    Ntitwikundira bimwe,

    Yamara ntibiducanishamwo.

    (INTEGUZA)

    Ah’uja hose,

    Wumva wisanze

    Kuk’urukundo rwiganje.

    (ICITABIRIZO)

    Dufatanye mu nda ntakizodutanya.

    Dufatanye mu nda biradukomeza.

    Dufatanye mu nda, turaremeshanya.

    Turasenyera ku mugoz’umwe, bikadukomeza.

    Tugume dufatanye mu nda.

    (ICITABIRIZO)

    Dufatanye mu nda ntakizodutanya.

    Dufatanye mu nda biradukomeza.

    Dufatanye mu nda, turaremeshanya.

    Turasenyera ku mugoz’umwe, bikadukomeza.

    Biradukomeza.

    Biradukomeza.