Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Duharirane

Duharirane

Voma:

  1. 1. Ndazi ko wam’ukor’ineza,

    Be n’uk’urangwa n’uburwaneza.

    Naho vyashitse ukambabaza,

    Nkuravye ndabona neza

    Kw’atari vyo wipfuza.

    (ICITABIRIZO)

    Izuba ritararenga,

    Twihatire kwama twiyunga.

    Twibagir’ivyabaye,

    Duharirane.

    Ubucuti buhangame.

  2. 2. Kwumvikana ntivyama vyizana

    Amajamb’acumit’araryana.

    Twihatire guharirana.

    Nta nkeka nitwabigira,

    Ubumwe buzorama.

    (ICITABIRIZO)

    Izuba ritararenga,

    Twihatire kwama twiyunga.

    Twibagir’ivyabaye,

    Duharirane.

    Ubucuti buhangame.

    (IKIRARO)

    Ubumwe dufise nta gikwiye kuzobuhungabanya.

    Duharire, tuvyibagire.

    Ni bwo bugenzi nyakuri.

    (ICITABIRIZO)

    Izuba ritararenga,

    Twihatire kwama twiyunga.

    Twibagir’ivyabaye,

    Duharirane

    Tubikuye ku mutima.

    Dukundane, twame duharirana.