Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guma ujana n’ishirahamwe

Guma ujana n’ishirahamwe

Voma:

  1. 1. Kw’isi vyama bihinduka;

    Sinogum’inyuma.

    Mfasha ngume kw’ibanga

    Kuko turihuta.

    Hari abaturwanya

    N’abatam’imuhira.

    Dukoresh’ubundi buryo,

    Intama ziriho.

    (ICITABIRIZO)

    Nitujane

    N’ishirahamwe,

    Tuzererwa.

    Tugume twihata.

    Nitwigore,

    Tugume duhuza n’igihe.

    Gumako.

  2. 2. Nshaka gukor’ivyiza,

    Ntangur’umusi neza.

    Ariko ntihabura

    Ibinciramwo.

    Har’ibimbabaza,

    Bikanzazanira.

    Ariko ndaronk’ibimfasha

    Kudahungabana.

    (ICITABIRIZO)

    Nitujane

    n’ishirahamwe,

    Tuzererwa.

    Tugume twihata.

    Nitwigore,

    Tugume duhuza n’igihe.

    Gumako.

    (IKIRARO)

    Ntuzoruhir’ubusa

    Ugumye winanata.

    Bihindutse, hindura

    Yehov’ac’anezerwa.

    Twizigiye

    Kubona

    Amosozi yaheze.

    Iparadiz’iraje.

    Ndahimbawe koko.

    (ICITABIRIZO)

    Nitujane

    N’ishirahamwe,

    Tuzererwa.

    Tugume twihata.

    Nitwigore

    Tugume duhuza n’igihe.

    Gumako.

    Nitujane

    N’ishirahamwe,

    Tuzererwa.

    Tugume twihata.

    Nitwigore

    Tugume duhuza n’igihe.

    Gumako,

    Twumireko.