Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ngutuye ivyanje vyose

Ngutuye ivyanje vyose

Voma:

  1. 1. Yehova Muvyeyi, ngutuye ivyanje vyose.

    Nipfuza kugushimish’ubuzima bwanje bwose.

    Nzofash’abavyipfuza bameny’Ijambo ryawe.

    Kwigisha ivyawe bituma numva mpimbawe.

    (IKIRARO)

    Iyo ngushemej’ukwizera guca gukomera.

    Narakwiyeguriye, nzama ndagukorera.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova Muvyeyi, nzogushemeza.

    Nshaka gukor’ibikunezereza.

    Nzokwitanga muri vyose na hose.

    Ndagukunda kandi ngutuy’ivyanje vyose.

  2. 2. Nzama nkwihebera nkunde n’abavukanyi.

    Kwama nitanga biguma ku muzirikanyi.

    Iyo ntanze mpimbarwa kurut’iyo bampaye

    Kubera mba mfashij’abafis’ivyo bakeneye.

    (IKIRARO)

    Iyo ngushemej’ukwizera guca gukomera.

    Narakwiyeguriye, nzama ndagukorera.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova Muvyeyi, nzogushemeza.

    Nshaka gukor’ibikunezereza.

    Nzokwitanga muri vyose na hose.

    Ndagukunda kandi ngutuy’ivyanje vyose.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova Muvyeyi, nzogushemeza.

    Nshaka gukor’ibikunezereza.

    Nzokwitanga muri vyose na hose.

    Ndagukunda kandi ngutuy’ivyanje vyose.