Niwitonde, uhitemwo neza
Voma:
1. Nguma nijijany’imitima:
Nzohitamwo nde?
Ico nzi n’uko uwitonz’amir’ibinoze.
Uhisemwo nez’uzirinda kwama urira.
Kandi burya ivy’ubuto bimar’umwany’urume rumara.
(ICITABIRIZO)
Witonde; ntuhuruduke.
Genda buke.
Wihweze, ntutwarwe n’inyiyumvo.
Raba nimba muberanye.
Wizere yuk’uzobimenya
Niwitonda.
2. Ni vyo ndakeneye uwunyitaho, akanyitwararika.
Ariko mpfuy’uwo nemeye sinokwererwa.
Nshaka kuyoborwa na Yehova,
Nkor’ivy’ashaka.
Nzorindira mbane n’uwubaho yisung’Ijambo ry’Imana.
(CHORUS)
Witonde, ntuhuruduke.
Genda buke.
Wihweze, ntutwarwe n’inyiyumvo.
Raba nimba muberanye.
Wizere yuk’uzobimenya
Niwitonda.
Niwitonde.